US: Isango ry'amatora risigaje iminsi 5

Hariko hashirwamwo inguvu zose mu minsi ya nyuma yo kwiyamamaza Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Obama ari kuvuga kuri kaminuza ya Miami muri Florida

Abiyamamaza ubu batumbera ama leta arimwo abatora badashoboka bameneysha aho bahagaze.

Perezida Obama yahimirije abakiri bato bageze gutora muri leta ya Florida kuja inyuma y'aba Democrates mu gushigikira Hillary Clinton.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump yari Jacksonville muri Florida

Nayo Donald Trump bahiganwa na Hillary Clinton, nawe ariko aresha bo muri iyo leta nyene, imbere yo kwerekeza muri Carolina ya ruguru.

Aho Carolina ya ruguru na Hillary Clinton ahava yerekezayo.

Ibiharuro vyifashe gute?

Image caption Uko barushanya amahigwe mu ma leta amwe amwe

Ibiharuro vy'igendereza vyerekana ko abo ba kandida basa n'abageranye cane mu mahigwe yo gutsinda.

Uravye ku gwego rw'igihugu cose, Donald Trump asa n' uwuriko arazibira icuho kiri hagati yiwe na Hillary Clinton.

Mw'igendereza twikoreye ku biharuro vy' igendereza bitangwa, Trump yari amanota icumi inyuma ya Clinton, haraheze indwi irenga, ariko ubu amurusha abiri gusa.

Image caption Uko iminsi ihera, amahigwe hagati y'abakandida agenda yegerana

Ibiharuro vy'igendereza bifasha kumenya uko ibintu bishobora kugenda mu gihugu, ibituruka mu ma leta arimwo abadashoka bagaragaza aho bahagaze, nivyo bikunze kwerekana ho ibintu bitera vyerekeza ku munsi wa kabiri.

Uko bihagaze ubu, Clinton aracari imbere ya Donald Trump mu ma leta menshi, ariko Trump nawe yigaruriye abayoboke benshi muri iki kiringo c'indwi iheze.

Ibiharuro vy'igendereza vyerekana ko ari imbere mu maleta ya Florida, Arizona na Nevada, akaba ariko aratera imbere no muri North Carolina, ariko ntibikwiye kugira aje imbere ya Clinton.

Image caption Ibiharuro ngereranyo mu maleta 13

Niyo mpamvu ubu ariko asatira ama leta yitwa ko yigaruriwe na Clinton, nka Wisconsin, Michigan na New Mexico.

Biravugwa ko Hillary Clinton ari kumwe n'umugabo wiwe Bill, kimwe na perezida Obama n'umugore wiwe, bazoba bari muri Leta ya Pennsylvannia ku munsi wa mbere.