Abarenga 200 baburiye muri Mediterranee

Abataraboneka bari mu bwato bubiri bashobora kuba barenga 200 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amato y'abimukira nka ben'ubu akunze guheberwa hagati mu mazi yuzuye abantu

Umuvugizi w'ishirahamwe ryitaho impunzi HCR yemenyesheje ko abantu 29 bari muri bumwe mu bwato bikekwa ko bwibiye hafi ya Libya bashoboye kurokoka.

Abandi baharurwa mw'ijana na mirongo ibiri ntibazwi irengero.

Abandi bantu babiri bariko baroga bava mu bwato bugira kabiri batabawe.

Bavuze ko abo bari kumwe nabo nyene bagera ku 120 mu bwato bugira kabiri, baburiwe irengero.

HCR imenyesha ko abenshi abenshi mu bari muri ubwo bwato uko ari bubiri bashobora kuba baturuka munsi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko abantu barenga 4200 bapfuye canke baburiwe irengero mu kiyaga Mediterranee.