Itohoza ry'Ubuswise kuri Theodoro Nguema

Theodoro Ngwema Obiang araregwa ruswa no mu Bufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imodokari za Theodoro Ngwema Obiang zafatiriwe zirimwo izigurwa ama miliyoni

Theodoro Ngwema Obiang, umuhungu wa perezida Theodoro Obiang Ngwema Mbasogo, bivugwa ko mu modokari ziwe zafatiriwe harimwo izo mu bwoko bwa Ferrari, Bugatti na Posche.

Muri izo modokari zafashwe harimwo Porsche igugwa ibihumbi 830 ( $830,000) vy'ama dorari na Bugatti Veyron iciye miriyoni zibiri z'ama dorari ya Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Theodoro Obiang Ngwema ni icegera ca se mu butegetsi bw'igihugu

Theodoro Ngwema Obiang, bakunze kwita Theodorin, asanzwe ari icegera c'umukuru w'igihugu wa Guinee Equatoriale, afise n'urundi rubanza ku vyaha vya ruswa nyene mu Bufaransa.

Yateganya kwitaba urubanza mu kwezi kwa mbere umwaka uza, urubanza aregwamwo kunyereza ama miliyoni y'amadorari ayavana mu kigega ca leta.

Bivugwa ko ayo mafaranga yayatwaye kugira yigurire indege, amazu y'agaciro n'agatambara kera gafuka ikiganza bita 'gant', kahora ari ako umuririnvyi Michael Jackson.