Ubushomeri bwabaye ndanse muri Nigeria

Nigeria yagiye mu bibazo vy'ubutunzi bitoroshe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibice 13% vy'abashaka akazi bari mu bushomeri

Abarenga amajana abiri mu 700 000 bifuza ikibanza mu kazi hakenewe abatarenga 500, bafise impamyabushobozi z'ikirenga.

Nigeria iri mu ngorane z'ubutunzi itari bwabone kuva haraheze imyaka itari mike.

Ibiharuro vy'ikigo ca leta vyerekana ingene ikibazo c'ubushomeri cifashe, vyerekana ko ibice 13% vy'abemerewe gukora batari mu kazi, ariko urugero rwabo nyakuri ngo rushobora kuba rurenga kure.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Nigeria amenyesha ko ubushomeri bukomeza kwiyongera mu rwaruka butuma benshi birukira umugwi witwaje ibigwanisho.

Bamwe muri urwo rwaruka baja mu buraruko bw'igihugu aho umugwi Boko Haram washinze imizi, ndetse no mu yindi yongeye kwaduka mu gace k'ubumanuko kagwiriyemwo ibitoro.