Igitero ca bombe inyuma y'ifatwa ry'abategetsi b'aba Kurde

Selahattin Demirtas (i bubamfu na Figen Yuksekdag bapfunzwe co kimwe n'abashingamateka icenda bo mu mugambwe wabo. Uwufise ububasha kw’isanamu AP/REUTERS
Image caption Selahattin Demirtas (i bubamfu na Figen Yuksekdag bapfunzwe co kimwe n'abashingamateka icenda bo mu mugambwe wabo.

Abategetsi babiri b’umugambwe w’aba kurde, People’s Democracy (HDP), bari mw’ibohero hamwe n’abandi bashingamateka icenda.

Salahattin Demirtas na Figen Yuksekdag bapfungiwe ku mihana yabo mu gihe bariko barabagirako amatohoza y’iterabwoba, nk’uko abo mu nzego zijejwe umutekano babibwiye ibinyamakuru vyo muri Turkia.

Inyuma y’amasaha make Demirtas afatiwe I Diyarbakir, imodoka itezwemwo bombe yaciye ihaturikira, ikomeretsa abantu 20.

Diyarbakir, mu bumanuko bushira ubuseruko, ni igisagara co muri Turkia cingajemwo aba kurde.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibombe yaturikiye i Diyarbakir yasambuye uruhande rw'inzu rw'imbere

Imodoka zitwara abarwaye zaboneka zigira uruja n’uruza aho ico kibombe caturikiye, hakaba hari n’inkuru ko umuntu yoba yapfiriye hagufi inzu y’igipolisi.

Umupfasoni Yuksekdag na we apfungiwe ku mugwa mukuru Ankara.

Igihugu ca Turkia kiracagengwa n’ibihe bidasanzwe vyashizweho inyuma y’igeragezwa ry’itembagazwa ry’ubutegetsi.

Biha akaryo prezida Recep Tayyip Erdogan na reta yiwe, gufata ingingo batarinze kubaza inama nshingamateka, kugabanya canke kubuza uburenganzira bwo kwishira no kwizana.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Igitero ca bombe i Diyarbakir