Abacamanza bo muri Nigeria baregwa ruswa

Abacamnanza 4 bahagaritswe mu kazi mu gihe bakorwako itohoza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Peerzida BUhari yiyemeje guhangana n' icaha ca Ruswa

Abacamanza bo muri Nigeria bane bahagaritswe mu kazi bagirizwa gupfumbatishwa kugirango bace imanza zitabereye, ariko bo barabihakana.

Bivugwa ko abajejwe umutekano bateye umukwabu ku mihana yabo, bahasanze amadorari aharurwa mu bihumbi amajana mu kwezi guheze.

Ugwego rujejwe kugenzura ubucamanza muri Nigeria, NJC, rumenyesha ko abacamanza badakwiye gukomeza kurangura amabanga yabo mu gihe bakorwako itohoza ku vyaha vya ruswa.

Mahmud Mohammed, ari nawe ajejwe kuyobora ugwego rugenzura ubucamanza, avuga ko bidakwiye kubandanya bakora kandi bariko bakorwako itohoza.

Abacamanza 15 muri rusange nibo bariko bakorwako itohoza.

Indwi muri bo bahagaritswe mu kwezi guheze n'igisata kijejwe abakozi n'akazi, ariko barekurwa vy'agateganyo.

NJC, urwego rujejwe kugenzura abacamanza rwashizweho mu ntumbero yo kurondera ko ubucamanza bukomeza kwigenga, rwashizeho umugwi w'abantu batatu bazoba bashinzwe kuraba ibijanye no gukorera ku mugaragaro hamwe no kurwanya igiturire.

Abo bantu batatu nibo bazokwakira ibirego rukanandiika ivyo abo bacamanza bagirizwa.