Uganda: Amwe mu mashure ari mu bibazo

Bridge International yifashisha itumatumanako mu kworosha inyigisho
Image caption Bridge International yifashisha itumatumanako mu kworosha inyigisho

Sentare nkuru muri Uganda yatanze itegeko ryo kwugara amashure yigenga akukirira ikigo 'Bridge International Academies, biturutse ku bibazo vy'isuku n'inyigisho zitujuje ivya ngombwa.

Ikigo Bridge International Academies kimenyesha ko gitanga mu buryo buciririkiye, uburezi bwiza bwo mu rwego rwo hejuru, ku banyeshure 12000, ahanini baturuka mu miryango y'abakene.

Ubushikiranganji bw'indero muri Uganda, bumenyesha ko amashure 63 ategerezwa kwugarwa ubwo nyene.

Ikigo Bridge International Academies gifasha ayo mashure, naco gishigikiwe n'ibigo vya Mark Zuckerberg na Bill Gates, camenyesheje ko kizokunguruza kuri iyo ngingo.

Image caption Mu vyo Bridge International yagirizwa harimwo amashure atuzuye neza

Umucamanza yavuze ko abategetsi ba Bridge International bahawe akaryo ko gukosora utunenge turi muri ayo mashure ariko ntibikorwe.

Ikigo Bridge International gifise icicaro muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, catanguje amahure muri Uganda mu mwaka wa 2015, ariko cakomeje kwagirizwa isuku rike muri ayo mashure, inyubako zitameze neza, no kudakurikiza urutonde rw'ivyirwa rw'igihugu.

Ariko ico kigo kivuga ko gikurikiza urutonde rw'ivyigwa vy'igihugu, aho abana batangura bafise imyaka itandatu bakiga imyaka indwi mu mashure y'intango.

Kivuga kandi ko uburezi mu mashure ya leta muri Uganda ho bumeze nabi gusumba, aho usanga ibice 70% bata amashure badahejeje muyo intango.

Vyifashe gute mu burezi mu gihugu ca Uganda?

Ibice 68% vy'abanyeshure ntibarangiza amashure y'intango.

Ibice 78% vy'abigisha bashasha, baba barananiwe ikibazo gisanzwe c'ibiharuro,

Nayo 61% baba barananiwe ikibazo gisanzwe c'umumenyi bw'indimi.

Ibice 29% vy'ibigisha barasiba buri ndwi.

Ibi biharuro vyegerenaijwe biturutse:

- mu bushikiranganji bw' indero mu 2014

- mu rwego rujejwe gutanga ibibazo mu 2015

- ikigo Uwezo mu 2015.

Bridge International Academies gishigikiwe n'abatari bake, harimwo leta y' Ubwongereza, ikigo c'umugwizatunga Bill Gates ari nawe mukuru wa Microsoft, hamwe Mark Zuckerberg ari we nyene Facebook.

Ico kigo gifise amashure kandi muri Nigeria, Ubuhinde, naho mu kwezi kwa mbere uyu mwaka, catanguye gukorana na leta ya Liberia kugira kiyifashe kwitaho amashure y'intango.

Bridge International cifuza kuzoba cashoboye kwigisha abana barenga miroyoni 10 hirya no hino kw'isi, kugeza mu 2025.