Undi mukobwa w'i Chibok yabonetse

Mu kwezi gushize abakobwa 21 bari barashimuswe bararekuwe. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu kwezi gushize abakobwa makumyabiri n'umwe bari barashimuswe bararekuwe.

Igisirikare cya Nigeria kiravuga ko cyabonye undi mukobwa uri mu bashimuswe n'umutwe wa Boko Haram ahitwa i Chibok hashize imyaka irenga ibiri.

Umuvugizi w'igisirikare aravuga ko uwo mukobwa yari mu itsinda ry'abantu bafashwe n'uwo mutwe babashije gucika izo ntagondwa mu ishyamba rya Sambisa hafi y'umupaka wa Cameroon.

Uwo mukobwa yabonetse ari kumwe n'umwana we w'amezi icumi mu gitero cy'ingabo za leta kuri iryo shyamba.

Ni umwe mu banyeshuri b'abakobwa barenga 250 bashimutiwe ku ishuri ryabo i Chibok mu majyaruguru y'uburasirazuba bwa Nigeria n'umutwe wa Boko Haram mu mwaka wa 2014.

Makumyabiri n'umwe muri abo bakobwa barekuwe mu kwezi gushize ariko abagera kuri magana abiri baracyari mu maboko y'uwo mutwe.