Trump yasubiye kuvuga ubusuma mu matora yo muri Amerika

Trump yabwiye abamushigikiye i Michigan ko FBI itari kwihweza ubutumwa 650.000 mu minsi umunani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Trump yabwiye abamushigikiye i Michigan ko FBI itari kwihweza ubutumwa 650.000 mu minsi umunani

Uwuserukiye umugambwe w'aba Republicain mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, yasubiye kuvuga ko aya amatora arimwo ubusuma.

Yavuze ko ubwo busuma buhengamiye uwo bahiganwa aserukiye aba Democrates, Hillary Clinton, nyuma y'aho igipolisi c'igihugu, FBI, kivugiye ko ata bimenyetso vy'icaha casanze mu bijanye n'ubutumwa e-mail bwa Hillary giheruka kuronka.

Trump yabari abari bitavye kwiyamamaza kwiwe i Michigan ko FBI itari gushobora kuraba ubutumwa bwa e-mail ibihumbi amajana atandatu na mirongo itanu mu minsi umunani gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hillary Clinton yongerejwe ingoga ku munota wanyuma

FBI ivyo yabitangaje hasigaye amasaha mirongo itatu n'atandatu ngo amatora abe, vyongera ingoga ku munota wa nyuma aba Democrates.

Umugwi utunganya kwiyamamaza kwa Madame Clinton wavuze ko unezerejwe n'uko ico kibazo cakemuwe.