Sentare irumva ikirego kw'ipfungwa ry'inkambi ya Dadaab

Inkambi y'impunzi ya Dadaab muri Kenya, ivugwa ko ariyo ya mbere nini kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inkambi y'impunzi ya Dadaab muri Kenya, ivugwa ko ariyo ya mbere nini kw'isi

Sentare nkuru muri Kenya uno munsi irumva ikirego catanzwe n'abadashaka ko inkambi y'impunzi ya Dadaab, ya mbere nini mu iri ico gihugu, yugarwa.

Umugwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Kenya uvuga ko kwugara inkambi ya Dadaab iri mu buseruko, coba ikibazo gikomeye ku bihumvi vyinshi vy'Abanyesomalia bayibamwo, badafise ahandi baja.

Abajejwe intwaro muri Kenya bashaka kuba bugaye iyi nkambi mu mpera za kuno kwezi.

Bavuga ko bamwe mu bayibamwo bakoreshwa n'abarwanyi ba Al-Shabaab mu kugaba ibitero muri Kenya.

Dabaab kenshi ivugwa yuko ari inkambi y'impunzi yambere nini kw'isi, ikaba yaruguruwe mu ntango y'1990 ngo icumbikire Abanyesomalia bahunga intambara.