Inama ikomeye kw'ihindagurika ry'ikirere muri Maroke

Hafi y'isi yose iraserukiwe mu nama y'ihindagurika ry'ikirere muri Maroke Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Hafi y'isi yose iraserukiwe mu nama y'ihindagurika ry'ikirere muri Maroke

Abantu ibihumbi mirongo ibiri bitavye inama muri Maroke, aho isi iganira ku vyasigaye mu masezerano yashitsweko mu nama y'ihindagurika ry'ikirere i Paris mu mwaka uheze.

Mu ntango ibikorwa muri iyi inama bishobora kwibanda cane ku matora yo muri Amerika, nyuma y'aho uwuserukiye aba Republicain, Donald Trump, avugiye ko niyatsinda, umwumvikano washitsweko azowuhanagura.

Bwana Trump avuga ko ihindagurika ry'ikirere ari ikinyoma, avuga ko bibangamira urudandazwa.

Uwuserukiye ikigo Sierra Club kijejwe ibidukikije co muri Amerika, yavuze ko hagize uwuzana ubuhinga bushaka kwerekana ko ihindagurika ry'ikirere ari ikinyoma, vyokoza isoni Amerika kw'isi.