Swede izohata ibibaza Julian Assange wa Wikileaks

Julian Assange atinya kurungikwa muri Amerika, aho leta imurega kuyimenera amabanga ku rubuga rwiwe Wikileaks Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Julian Assange atinya kurungikwa muri Amerika, aho leta imurega kuyimenera amabanga ku rubuga rwiwe Wikileaks

Abashinjacaha bo muri Swede bazohata ibibazo uwashinze urubuga Wikileaks rumena amabanga ya politike, mu ndwi iza muri ambasade ya Ecuador i London.

Bwana Assange amaze imyaka ine irenga yarahungiye mu biro biserukiye Ecuador mu Bwongereza.

Aronderwa na Swede kubera ivyagiriji vyo gusambanya ku nguvu, ariko arabihakana.

Yahungiye muri iyo ambasade atinya kurungikwa muri Swede, agatinya ko ico gihugu coca kimuhereza Leta Zunze Ubumwe za Amerika, zimwagiriza gusuma urusaku kubera amabanga ya Amereka yashizwe ku rubuga Wikileaks.