Mu Burundi abahungutse bibeshejeho gute?

Meschak Kabura yigishije n'impunzi babana gukore izo nkofero mu vyatsi
Image caption Meschak Kabura yigishije n'impunzi babana gukore izo nkofero mu vyatsi

Umusore w'Umurundi wo muri komine Nyanza Lac, mu ntara ya Makamba, yahungutse ava mu gihugu ca Tanzania mu 2003, ubu atunzwe n'umwuga wo kujisha inkofero mu vyatsi.

Meschak Kabura wo ku musozi Kabo, amaze guhunguka yagiye kubandaniriza amashure yiwe mu ntara ya Gitega mu mashure y'imyuga, aho yize kwubaka.

Ariko ubu abeshejweho n'umwuga wo kujisha inkofero mu vyatsi , avuga ko yigishijwe n'impunzi z'Abanyekongo babana mw'ikambi.

"Navyigishijwe n'Umubembe aho twari mw'ikambi hakurya muri Tanzania.

Image caption Inkofero za Meschak zira kundwa ngo kuko zitanga akayaga iyo hashushe

"Nabonye abikora nanje nca mbona ko novyiga kugira nze ndakuramwo agasabuni. Nta mutahe munini bisaba kiretse kugura imashini, n'iyo ugiye kurondera ibikoresho kure"; uko ni ko Kabura Meschak avuga.

Ku musi, uwo musore avuga ko ashobora gukora inkofero cumi canke zirenga.

Ziragurika

Imwe ayigurisha ibihumbi bibiri ariko ngo haje uwukeneye nyinshi, arazitanga ku 1500 imwe imwe.

Avuga kandi ko iyo hagize abazirondera ari benshi, akoresha abakozi, kandi afise n'abo amaze kwigisha.

Image caption Izo nkofero zirakundwa kuko zizimbutse

Abamaze kugura izo nkofero barazishima ngo kuko zitanga akayaga igihe haba hashushe.

"Tuzikunda kubera zitanga akayaga keza, icuya ntikiba cinshi kubera ifise intobora zicamwo akayaga. Izo nkofero kandi zirazimbutse"; uko niko umwe mu baziguze kandi anazicuruza avuga.

Impunzi nyinshi zahungutse zagiye zirafatwa mu mugongo n'amashirahamwe atandukanye mu migambi yo kwiteza imbere.

Hari abashimye kuja mu mashirahamwe y'uburimyi n'ubworozi, abandi basubira mu buzi bahoramwo, abakiri bato nabo basubira mu mashure abandi biga imyuga.