Imyiyamamazo ya nyuma ya H. Clinton na Trump

Ibiharuro vy'imfatakibanza vyerekana ko Clinton ari we aza gutsinda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/REUTERS
Image caption Ibiharuro vy'imfatakibanza vyerekana ko Clinton ari we aza gutsinda

Hillary Clinton na Donald Trump bagize imyiyamamazo ya nyuma mu guhimiriza abantu gutora mu gihe hari hasigaye amasaha make ngo amatora atangure.

Bose kwari babiri bagize imyiyamamazo mu ntara bagenda babangabananywe za Caroline ya ruguru, Pennsylvanie na Michigan.

Umupfasoni yahimirije abantu gushigikira “Amerika irangwamwo icizere, kandi ata n’umwi isiga inyuma, irangwa kandi n’ubushishozi”.

Trump na we, yabwiye abamushigikiye ko baronse akanya keza “ko kwikurako politike mbi itagira kazoza”.

Ibiharuro vyerekana ko Hillary Clinton w’umugambwe w’abademokrate ari imbere ya Trump w’umurepublicain ibice 4%.

Abantu benshi gusumba uko vyahora, n’ukuvuga abarenga imiliyoni 46, baramaze gutora.

Hari ibimenyetso vyerekana ko abanyamerika bamuka muri Mexique, baza kwitaba ayo matora ari benshi, bigashobora kugirira akamaro umupfasoni Clinton.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Trump avuga ko ategerezwa gutsinda ayo matora

Ayo matora aza kuba inyuma y’imyiyamamazo itoroshe aho abadasangiye ivyiyumviro bateranye amajambo batukana, mbere hakaba hari n’umwe yitwariwe mu butungane.

Mu myiyerekano y’i Philadephie muri Pennsyvania, umupfasoni Clinton yari kumwe na Bruce Springsteen hamwe na Jon Bon Jivi n’umucance wiwe Bill hamwe rero na prezida Obama n’umupfasoni wiwe Michelle.

Obama yasavye abantu kutsinda ubwoba ahubwo batore icizere.

Umupfasoni Clinton yiyamamarije ubwa nyuma i Raleigh, muri Caroline ya ruguru, aho hari hatumiwe Lady Gaga.

Mu kiganiro yatanze ku mboneshakure yavuze ko azohamagara Trump kandi ko yiteze ko uwo mukandida w’umugambwe w’abarepublicain ashobora “kugira ico aterereye gikomeye” mu gusubiza hamwe ico gihugu.

Mu nama yiwe yo kwiyamamaza mu gisagara ca Scranton, Trump yavuze ko imyiyamamazo yiwe yagenze neza.

Imyiyamamazo ya nyuma yabereye i Grand Rapids na Michigan.

Yabwiye abamushigikiye bo mu ntara ya Florida ko wewe “ atari umunye politike” kandi ko abitayeho gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umupfasoni Clinton yiyemeje guhamagara Trump mu gihe yotahukana intsinzi

Uwo mugwizatunga yavuze ko umupfasoni Clinton “ ari we muntu ataco ashoboye atari bwaboneke mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu”, hanyuma yagarutse ku matohoza ya FBI, ingendo y’umupfasoni Clinton yo yo gukoresha mail atari iyo akazi, igihe yari umushikiranganji w’imigenderanire hagati ya 2009 na 2013.

Ku musi w’Imana, umupfasoni Clinton yaratoye akoyoko inyuma y’aho FBI ivugiye ko mails ziwe zishasha baheruka gutora, ata co basanze kirimwo cotuma akurikiranwa n’ubutungane.