Inyubakwa za Samsung zasatswe muri Korea y'epfo

Samsung Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Abagira amatohoza muri Korea y’epfo bagiye gusaka ibiro vya Samsung mu matohoza barimwo ya politike yerekeye prezida Park Geun-hye.

Abagira amatohoza bariko bararaba ibivugwa ko Samsung yahaye amahera umwana w’umwigeme wa Choi Soon-sil, ari umugenzi mpfampfe wa prezida.

Umupfasoni Choi yagirizwa gukoresha ubucuti bafitaniye n’umukuru w’igihugu mu kwisuka muvya politike no gutoza amahera mu budandaji.

Samsung yabwiye BBC ko ari ko basatswe ariko ko “ata zindi nsiguro zatanzwe”.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umupfasoni Choi yahoze ari somambike wa prezida Park

Prezida Park yarasavye imbabazi ku bucuti bafitaniye n’umupfasoni Choi, ariko aracasugerejwe n’abashaka ko atanga imihoho.

Mu ngorane zirangwa muri Korea ya y’epfo, abagira amatohoza bariko barihweza nimba Samsung yoba yaratanze imiliyoni 3.1 muri kompanyi y’umupfasoni Choi hamwe n’umukobwa wiwe kugira barihire amashure umwana wiwe w’umukobwa yo gutwara ifarasi mu gihugu c’Ubudagi.

Abagira amatohoza kandi bivugwa ko basatse ishirahamwe ry’abatwara ifarasi muri ico gihugu.

Umupfasoni Choi yahagaritswe itariki 3 ukwezi kwa cumi na rimwe yagirizwa ivyaha vyo kurya igiturire no gukoresha nabi ubutegetsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Park yaremeye amakosa yo gushira cane ubugenzi imbere

Mu kiringo c’imisi itatu iheze, abantu ibihumbi n’ibihumbi bo muri Korea y’epfo baragize imyiyerekano ku mugwa mukuru I Seoul, basba ko prezida Park atanga imihoho.

Prezida Park yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umupfasoni igiye yatorerwa kuyobora ico gihugu mu matora atari yoroshe yo mu 2012.