Amareta abakandida bagwaniramwo
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Amareta abakandida ba Amerika bagwaniramwo

Abakandida Donald Trump na Hillary Clinton batumbereje imyiyamamazo yabo yo mu minsi ya nyuma mu ma reta akomeye kurusha ayandi mu kugerageza kwigarurira abanyagihugu imbere yuko amatora atangura.

Amareta yo mu buraruko bwa Amerika nka Michigan na Pennsylvania niyo bakoreyemwo.

Bwana Trump yibaza kw'ibiharuro vy'amatohoza ya nyuma bishobora gutuma aronka amajwi menshi mu ma reta asanzwe ari aya ba democrates. Ku munsi wa Mungu umupfasoni Clinton yiyamamarije mu ma reta ya Ohio, Michigan, Pennsylvania na New Hampshire mu gihe Bwana Trump yagiye Iowa, Minnesota, Michigan, Pennsylvania na Virginia. Mw'itohoza rya Washington Post/ABC, umupfasoni Clinton arusha amanita ane Trump.