Donald Trump yatsinze nyinshi mu ntara zarwanirwa

Trump ari imber gato ya Clinton mu majwi
Image caption Trump ari imber gato ya Clinton mu majwi

Donald Trump ahagaze neza cane mu matora y'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kurusha uko vyari vyitezwe.

Mu gihe amajwi ariko araharurwa hose muri Amerika, umukandida w'aba Republicain yatsinze Ohio - leta yarwanirwa cane yamye itsindamwo uwuzoba umukuru w'igihugu kuva mu myaka mirongo itanu iheze.

Bisa kandi nk'uko ari imbere gato ya Hillary Clinton i Florida - leta nini kurusha izindi mu zirwanirwa ziza gutuma uwutsinda aboneka.

Ariko madame Clintion yatsinze Virginia na Colorado, ubu bikaba bigoye kuvuga uwuza gutahukana intsinzi.

Kwitaba amatora kwabaye kwiza cane hose muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.