Trump atsinze H.Clinton mu matora ya prezida wa Amerika

Donald Trump agiye kuba prezida wa 45 wa Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump agiye kuba prezida wa 45 wa Amerika

Donald Trump azoba prezida wa 45 wa Amerika inyuma yo gutsinda Hillary Clinton, nk’uko bimenyeshwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Associated Press.

Intsinzi y’umukandida w’abarepublicain yavuye ku ntara mahindagu nkeyi n’ubwo hari haheze amezi make ibiharuro vy’amajwi ngereranyo vyerekana ko umupfasoni Clinton ari we azotahukana intsinzi.

Intara ngwanigwa za Florida, Ohio na Caroline ya ruguru zafashe umurongo nk’uwo abongereza bava mw’ishirahamwe rya Buraya.

Amasoko y’imigabane yakorotse .

Intsinzi ya Trump i Wisconsin niyo yatumye aja hejuru y'amajwi 270 ku 538 akenewe kugira ngo atsindire ukwinjira ku kirimba "White House".

Prezida yatowe ari mu kibanza categuriwe umugambwe wiwe mu vy'amatora i New York yagize ati: "Mpejeje guhamagarwa n'umunyamabanga Clinton. Yadukeje ku ntsinzi twegukanye."

Uwufise ububasha kw’isanamu Hillary Clinton Twitter
Image caption Umukandida Hillary Clinton

"Hillary yarakoze igihe kirekire kandi cane, tumufitiye umwenda ku vyo yakoreye igihugu."

Yongeye ati: "Harageze ko twese tuja hamwe, tukiyunga."

Uwo mutunzi akorera urudandazwa mu vy'amazu, azwi cane muri reality TV, mushasha mu vya politike, yatewe ivyatsi igihe yamenyesha kwagiye kugwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze, yavuze kw'intsinzi ivuye kure.

Bwana Trump yatsinze mu ntara nyinshi zirimwo Pennsylvania na Wisconsin yambuye umupfasoni Clinton, mu gihe izo ntara zaheruka gushigikira umukandida w'umu republicain mu mwaka w'i 1988 hamwe no mu mwaka w'i 1988 gusa.

Yatsinze no muri Iowa itari bwasubire gutora umu republicain kuva mu mwaka w'i 2004.

Trump azotangura akazi afise Congres yiharijwe n'aba republicains, aba democrates bakaba bananiwe no kwigarurira Senat.

Umupfasoni Clinton afise imyaka 69 yatsinze mu ntara 18 gusa be no mu ntara ya Columbia.

Uwo mukandida w'umu democrate yaramaze imisi arota kuba umugore wa mbere w'umukuru w'igihugu wa Amerika, ntiyashoboye gushika mu gisagara ca Manhattan.

Abantu ntibari baryohewe mu kibanza cari categuriwe kwigina intsinzi yiwe ahitwa Javits Center, abamushigikiye bakaba bararize bataha kare.

Ku ngoro y'umugambwe ya Trump, abanywanyi biwe bigina intsinzi bartyoza umukandida w'aba democrates bavuga bati: "Mufunge!"

Hagataho abakuru b'ibihugu batanguye gukeza Donald Trump.

Uwufise ububasha kw’isanamu Pierre Nkurunziza Twitter
Image caption Prezida Nkurunziza avuga ku ntsinzi ya Trump

Mu karere, hari abakuru b'ibihugu bamaze kumekeza barimwo prezida John Pombe Magufuli wa Tanzaniya, Yoweri Museveni wa Uganda hamwe na Pierre Nkurunziza w'igihugu c'u Burundi.