Habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza Trump muri Amerika

I New York abiyamiriza Trump bugarije ahari amazu ya Trump Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption I New York abiyamiriza Trump bugarije ahari amazu ya Trump

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu bihereje amabarabara mu bisigara vyinshi vya Amerika biyamiriza itorwa rya Donald Trump.

Benshi basemerera bavuga ngo “si prezida wanje”, abandi baturira igishusho c’uwo mugwizatunga bambitse imishatsi.

Trump abaye umukuru w’igihugu wa Amerika agira uwa 45 inyuma yo gutsinda bitangaje Hillary Clinton.

Vyitezwe ko abonana n’umukuru w’igihugu Barack Obama mu biganiro vyo kuraa ingene igihugu cotwarwa gushika ashikire ayo mabanga.

Obama yavuze ko Trump adakwiye kuba prezida akaba yafashije imyiyamamazo Hillary Clinton – yasavye abanyamerika kwemera ivyavuye mu matora yo ku musi wa kabiri.

“Twese tumwipfurije ibikorwa vyiza turi kumwe no mu gutwara igihugu,” ni ko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption I Los Angeles abari mu myiyerekano baturiye igishusho ca Trump

Uwatsinzwe muri ayo matora, umupfasoni Clinton yasavye abamushigikiye “guha akanya Trump ko gutwara”.

N’aho hatewe ako kamo, abagira imyiyerekano bahuriye mu bisagara vyinshi hirya no hino mu gihugu.

I New York, ibihumbi n’ibihumbi bahuriye imbere y’inyubakwa ya Trump Tower, biyamiriza politike yiwe y’abimukira, abakundana basangiye igutsina hamwe no kurondoka.

Abantu cumi na batanu ni bo bafashwe, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru New York Times

Igipolisi cari cazitiye kirafata n’izindi ngingo z’umutekano inyuma y’ibarabara rya 5th Avenue Skyscraper, aha Trump ashobora kuzoba ari mu kiringo gisigaye kugira ashikirizwe ubutegetsi.

Mu gisagara ca Los Angeles, isinzi ry’abantu biyamiriza Trump bugaye ibarabara rinini riri hagufi y’igisagara nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru kihakorera.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Imyiyerekano myinshi yabaye mu mutekano

Muri Chicago, abantu benshi bazibiye umuryango wa Trump Tower, baririmba: “Nta Trump, nta KKK” kandi “ si prezida wanje!”

Amadarapo ya Amerika yaturiwe mu myiyerekano imwe imwe kandi I Portland, Oregon, abari mu myiyerekano bugaye akanya gato ibarabara rihuza intara.

Imyiyerekano kandi yabaye I Philadelphia, Boston, Seattle na San Francisco.