Michelle Obama yoba azitoza mu 2020?

Umupfasoni Obama ni rurangiranwa cane ubu muri politike yo muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umupfasoni Obama ni rurangiranwa cane ubu muri politike yo muri Amerika

Uranezerejwe n’uko amatora yo muri Amerika arangiye?

Ntuvyibaze uko kuko ayimirije asa n’ayageze.

Hara abatanguye kwiyumvira amatora azokurikira inyuma y’intsinzi ya Donlad Trump, na cane cane abari bashigikiye Hillary Clinton yatsinzwe.

Amatora aba inyuma y’imyaka ine, bisigura ko batanguye kwiyumvira amatora yo mu 2020.

Uwutanguye kuvugwa cane ni Michelle Obama, uretse ko ari umupfasoni w’umukuru w’igihugu nka Hillary Clinton, azwi neza cane.

N’umwe mubateye integer cane umupfasoni Clinton mu misi ya nyuma, akaba yaranebaguye bikomeye cane Trump.

Amerika isa ubu n’iyiciyemwo ibice bibiri, ariko ukumenyekana neza kwiwe kuri mu mpande zose.

Uwufise ububasha kw’isanamu @MELUSINE78
Image caption Abahamagarira Micelle Obama kwitoza mu 2020

Abantu amajana n’amajana batanguye kwandika ku mbuga ngurukanabumenyi basaba Michelle Obama kwitoza mu 2020.

“Umwanya mwiza kuri Michelle Obama wo gutsinda amatora yo mu 2020,” umwe muri bo ni ko yanditse.

Uwundi yavuze:”Michelle Obama 2020 turagutakambiye Michelle Obama turagutakambiye Michelle Obama turagutakambiye Michelle Obama.

Amatohoza yagizwe na Gallup, umupfasoni Obama akundwa n’ibice 64% vy’abanyamerika, akaba arusha kure Donald Trump, Hillary Clinton eka mbere n’umugabo wiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu LLSUPERWOMANLL
Image caption selfie na Michelle Obama

Hari ikibazo kimwe ariko, n’uko umupfasoni Obama yamenyesheje mu ntango z’ukwezi kwa gatatu ko adashaka kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Ariko kuva ico gihe, hari vyinshi bimaze guhinduka.

Umupfasoni Clinton, mw’ijambo ryiwe inyuma yo gutsindwa, yavuze ko n’aho adashoboye kuba prezida, yemera ko mu misi iri imbere hazoboneka umupfasoni abishikako.