'Ingabo za Irak zarishe abanyagihugu'

Igipolisi ca Irak caragize uruhara mu ntambara z'i Qayyarah mu kwezi kwa cumi Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Igipolisi ca Irak caragize uruhara mu ntambara z'i Qayyarah mu kwezi kwa cumi

Bivugwa ko abagabo bambaye impuzu z’igipolisi ca Irak basinzikarije ubuzima bongera barica n’abantu baba mu kigwati co mu bumanuka bwa Mosul , nk’uko Amnesty International ivuga.

Ivyemezo vyegeranijwe n’iryo shirahamwe vyerekana ko abantu bashika batandatu bo mu turere twa Shura na Qayyarah bapfuye barashwe inyuma yo gufatwa bagapfungwa bakekwako kugiriranira imigenderanire na Islamic State.

Igipolisi ca Irak casohoye itangazo ciyamiriza ivyo bivugwa.

Ingabo za reta zaratanguje ibitero vyo kubohoza Mosul mu kwezi guheze.

Abajejwe umutekano 50.000 ba Irak, abasirikare, abapolisi, abagwanyi b’aba Kurde Peshmerga, abarabu b’aba Sunni hamwe n’abagwanyi b’aba Shia bari muri ico gikorwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abagabo n'abasore baragirwako amatohoza kugira bihweze ko ata bagwanyi ba IS barimwo

Abagira amatohoza bo mw’ishirahamwe rya Amnesty International baragendeye ibibanza vyinshi ahabereye ubwicanyi ndengerabutungane, aho abagwanyi ba Islamic State bari binyegeje bagize inkinzo amajana n’amajana b’abagore, abana n’abagabo bashaje.