Prezida Zuma yoba agiye kuva ku butegetsi?

Amatora yaheruka yo gushaka kumukura ku butegetsi mu nama nshingamateka yaraburijwemwo na ANC Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Amatora yaheruka yo gushaka kumukura ku butegetsi mu nama nshingamateka yaraburijwemwo na ANC

Inama nshingamateka ya Afrika y’epfo iraza kwishweza ko yokurako icizere kuri prezida Jacob Zuma mu gihe akamo kamusaba gutanga imihoho kagenda kongerekana.

Icegeranyo co mu ndwi iheze carerekanye ko ko prezida Zuma yigenjeje nabi.

Ariko umugambwe uri ku butegetsi wa ANC wavuze ko ata mahirwe ahari y’uko ico cipfuzo cemezwa.

Ubu bubaye ubugira gatatu mu kiringo kidashika umwaka hasabwa ko prezida Zuma akurwako icizere.

Amatohoza y’urwego rw’igihugu rujejwe kurwanya igiturire asaba ko ubucamanza bukora ayandi matohoza ku bundi bugizi bwa nabi bwaranzwe na reta ya Zuma.

Amatohoza yarabonye ivyemeza ko umuryango wa Guptas, umugwizatunga afitaniye ubucuti na Zuma, yungukira mu kwivanga muri politike mu kugena abagize reta.

Yaba Zuma canke Guptas, bose barabihakana.

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta(DA) usaba ko yokurwako icizere ngo kuko ashaka gucisha ku buhomba demokrasi itari bbwashike kure.

“Igiturire, ugokoresha nabi itunga ry’igihugu n’ububeshi ntibikwiye kubandanya mu ntumbero yo guteza imbere igihugu ca Afrika y’epfo.” Ni ko uwo mugambwe wavuze mw’itangazo.

Ariko akamo ko gusaba ko prezida atanga imihoho risa “n’iryihuse” kuko umunyamabanga mukuru wa ANC Gwede Mantashe yavuze ko ico cegeranyo ata n’umwe cagirije amakosa.