Sentare yanse ko umwana yitwa izina rya se gusa mu Butaliano

Gushika ubu abapfasoni b'abataliano ntibari bafise ububasha bwo kwita umwana izina rya ba se wabo Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Gushika ubu abapfasoni b'abataliano ntibari bafise ububasha bwo kwita umwana izina rya ba se wabo

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu Butaliano yaciye urubanza kw’itegeko ritanga izina ry’umugabo umwana akivuka.

Abacamanza basanze ko kubuza imiryango guha amazina abana ya basokuru b’abo bavyara ba nyina, ari amacakubiri agirirwa abapfasoni.

Sentare y’ubumwe bwa Buraya iraba ivyerekeye agateka ka zina muntu (ECHR), yaranebaguye iryo tegeko ririho kuva ku ntwaro y’abaromani – ica itera akamo ngo ihindure iryo tegeko.

Abaharanira agateka ka zina muntu bakiriye neza iyo ngingo yafashwe ku musi wa kabiri, banasaba inama nshingamateka kuryemeza.

“Sentare yatangaje kuza barabatiza hakurikijwe amategeko azwi , abana bahabwe amazina ubwo nyene avuye ku miryango ya ba se babo ku bana bazwi n’amategeko, mu gihe abavyeyi, mu gihe boba bafise abandi,” uko ni ko iryo tegeko rivuga.

Urwo rubanza ruraba abubakanye babiri, umwe w’Umutaliano uwundi wo muri Brezil bashatse guha amazina y’aba se babo bose uwo mwana w’umuhungu, nk’uko bimeze mu mico n’imigenzo mu miryango y’abalatino.

Inyuma y’aho ivyo basaba vyiyamirijwe n’Ubuliyano, bafashe ingingo yo kwitwara muri sentare y’ubumwe bwa Buraya, yemeye ivyo basaba mu 2014.

Bavuze ko iryo tegeko rijanye n’amategeko ajanye n’iringanira ry’ibitsina ari mw’ibwirizwa shingiro ririho ubu mu Butaliano.

Inama nshingamateka y’Ubutaliayo yaremeje itegeko rihindura iryahahora, ariko riza gutebera mu nama nkenguzamateka imyaka myinshi.