Ijoro rya kabiri ryo kwiyamiriza Trump muri Amerika

Habaye imyiyerekano myinshi mu bisagara bitandukanye harimwo na Denver, Colorado Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGE
Image caption Habaye imyiyerekano myinshi mu bisagara bitandukanye harimwo na Denver, Colorado

Imyiyerekano yabaye mw’ijoro rigira kabiri mu bisagara vyinshi muri Amerika, inyuma y’itorwa rya Donald Trump, ariko abantu bari bake.

Benshi bari abakiri bato bavuga ko ubutegetsi bwa Trump bushobora kuzana amacakubiri y’urukoba n’igitsina.

Ariko igipolisi c’I Pontland kivuga ko cahanganje n’abamenagura ibintu n’inyifato yo gushaka gutana mu mitwe.

Kuri Twitter, Trump yavuze ko iyo myiyerekano ata ho ifatiye.

Imbere y’aho, yari yabonanye na prezida Barack Obama ku kirimba ca White House, anavuga ko ari umuntu mwiza.

Ariko umumenyeshamakuru wa BBC yavuze ko, uretse uwo mwumvikano waranze umubonano wabo, Trump afise umugambi wo gufuta ivyaranze ubutegetsi bwa Obama vyose.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Obama yabonanye na Donald Trump agiye kumusubirira muri ayo mabanga

Muri ivyo harimwo umugambi wo kuvura abantu ku buntu, Obamacare.

Isinzi ry’abantu ryakoraniye mu bisagara hirya no hino muri Amerika ku musi wa kane ku mugoroba.

Igipoli I Portland na Oregon cavuze ko imyiyerekano yahabaye yofatwa nk’imigumuko, aho bamenaguye amadirisha.

Nta nkuru y’uko habaye imidurumbanyo mu yindi myiyerekano n’aho abayagize I Minneapolis bugaye akanya gato ibarabara riva muri iyo ntara rija mu bindi.

I Philadephia, abantu benshi biyegeranirije hamwe hagufi ya City Hall bafise ivyapa biriko ivyivugo nka “Si prezida wacu”, “Amerika ikwiye kuba iya bose”.

I Baltimore, igipolisi cavuze ko abantu 600 bagize urugendo mu mahoro mu gisagara, barabuza uruja n’uruza.

I San Francisco, amashure yisumbuye bashize hejuru igitambara c’umunywamazi hamwe n’ibendera muri Mexique.

Umugwi w’abantu bahuriye imbere ya Trump Tower I Chicago, inyuma y’umusi umwe isinzi ry’abantu rigize imyiyerekano hagati mu gisagara.

Bamwe mubabacako bagiye babaramutsa, ariko umwe mu bashoferi yababwiye n’ijwi rirerire “nimunume mwemere demokrasi”, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Associated Press.

Abari mu myiyerekano bagarutse kandi ku nyubakwa ya Trump Tower I New York mw’ijoro rigira kabiri.

Image caption Imyiyerekano yabaye kandi no mu bisagara bitobito nka Eugene muri Oregon

Ku rubuga rwiwe rwa twit, Trump yabise “abahinga mu myiyerekano” yongerako ko “bakokezwa n’ibinyamakuru”.

Hagati aho, prezida wa Mexique yavuze ko yizeye ko igihugu ciwe gishobora kugira imigenderanire myiza na Amerika ku ntwaro ya Trump, n’aho yokoresheje imvugo igwanya ico gihugu mu myiyerekano.

Wnrique Pena Nieto yavuze ko we na Trump bumvikanye kubonana, bishobotse imbere y’uko ashikira ubutegetsi mu kwezi kwa mbere.

,