Umuririmvyi Leonard Cohen yapfuye afise imyaka 82

Leonard Cohen azwi cane mu ndirimbo Hallelujah Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Leonard Cohen azwi cane mu ndirimbo Hallelujah

Umuririmvyi w’umunye Canada, umwanditsi w’indirimbo n’ivyese, Leonard Cohen yotavye Imana afise imyaka 82.

Iyo nkuru yamenyeshejwe ku rubuga rwiwe rw’akazi rwa facebook, ariko nta zindi nkuru zamenyeshejwe ku co yazize.

“Turamenyesheje n’akababaro kenshi umuririmvyi, umwanditsi w’indirimbo n’ivyese, Leonard Cohen yitavye Imana,” ni ko iryo tangazo ryavuga.

Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau ni yabaye uwa mbere mu kwunamira uwo muririmvyi azwi cane mu ndirimbo nka Hallelujah na Dance Me to the End of Love.

“N’umubabaro mwinshi nakiranye urupfu rw’umuririmvyi rurangiranwa Leonard Cohen,” uko ni ko Trudeau yanditse mw’itangazo.

“Azokwama yibukwa mw’ijwi ryiwe, mu nkuru ziwe n’indirimbo zakunzwe n’abantu benshi..”

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Umuhungu wa Cohen, Adam yabwiye Rolling Stone:”Umuvyeyi wanje yitavye Imana mu mahoro ari muhira I Los Angeles, azi neza ko yarangije igikorwa ciwe c’indirimbo nziza.

“Yagumye yandika gushika ku munota wa nyuma akoresha amajambo atwengeje yisangije.”

Azoshingurwa kw’itariki itaramenyeshwa I Los Angeles, nk’uko vyamenyeshejwe kuri facebook.

Uwo muririmvyi yavukiye I Montreal yasohoye indirimbo nka Suzanne, Bird on the Wire na Im Your Man hanyuma yandika urukurikirane rugira 14 rw’indirimbo, You Want It Darker, mu kwezi guheze.

Ari mu baririmvyi ba Rock and Roll Hall kuva mu 2008.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Abantu baje kumwunamira ku muhana iwe i Motreal

John Lissauer, yafashije gukora indirimbo ya Hallelujah hamwe n’izindi nkurikirane z’indirimbo mu myaka ya 1970 no 1980, Cohen, avuga ko yari umuririmvyi adasanzwe.

Yabwiye radio BBC 4’s Today: “Yari intangarugero, kuko umwanya yamaze urashimishije kandi yagumye yitangira umuziki ari ko akora n’izindi ndirimbo.”