Abantu bashika 43 bahitanywe n'igisasu muri Pakistiani

Ruseha abaniha zatevye gushika muri ako karere ka kure Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ruseha abaniha zatevye gushika muri ako karere ka kure

Abajejwe intwaro muri Pakistani bavuga ko igisasu cahitanye abantu bashika mirongo ine na batatu mu kibanza aba Islam b'aba Sufi bahuriramwo.

Vyabereye mu muji uriko ikivuga wa Karachi mu buraruko bw'igihugu, ibitangazamakuru vyaho bikavuga ko abandi benshi bakomeretse.

Ico gisasu caturitse izuba ririko rirarenga, igihe abantu bashika ku majana atanu bari bahuriye muri ico kibanza mu muhango w'intambo.

Za ruseha abaniha vyazitwaye amasaha menshi kugira zishike muri ako karere ka kure, ariko zashoboye gushikana bamwe kwa muganga.

Ico gitero kibaye nyuma y'amezi Amjad Sabri, umuririmvyi w'umu Sufi azwi cane, yishwe arashwe i Karachi.