Prezida Hollande mu muhango wo kwibuka abiciwe Paris

Kwibuka abahitanywe n'ibitero vy'abarwanyi ba ki Islam mu Bufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kwibuka abahitanywe n'ibitero vy'abarwanyi ba ki Islam mu Bufaransa

Umukuru w'Ubufaransa, Francois Hollande, yuguruye ivyibutso vyateguriwe abantu ijana na mirongo itatu baguye mu bitero vy'abarwanyi ba ki Islam haciye umwaka.

Umuhango wa mbere wabeye ku kibuga c'umupira ca Stade de France, ivyibutso bishika kuri bitandatu akaba arivyo biza kwugururwa, bahereze ku nyubakwa iberamwo ibirori ya Bataclan.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Manuel Valls, yabariye BBC ko amategeko y'ibihe bidasanzwe yashizweko ivyo bitero bikiba, azokwongerwa ikiringo mu gihe Ubufaransa bwitegurira amatora y'umukuru w'igihugu.

Inyubakwa ya Bataclan yasubiye kwugurura ejo kuwa gatandatu, haba igiteramwo c'umuziki caremeshejwe na rurangiranwa Sting.