Hillary Clinton yegeka gutsindwa kwiwe kuri FBI

Hillary Clinton avuga ko itohoza kuri e-mail ziwe ariryo ryatumye atsindwa amatora Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hillary Clinton avuga ko itohoza kuri e-mail ziwe ariryo ryatumye atsindwa amatora

Uwari aserukiye umugambwe w'aba Democrates mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika, Hillary Clinton, avuga ko igipolisi c'igihugu FBI catumye atsindwa.

Hillary Clinton yagirije umuyobozi wa FBI, James Comey, kuba ari inyuma y'ugutsindwa kwiwe kutari kwitezwe.

Madamu Clinton yabariye abaha intererano umugambwe ko kuba bwana Comey yaratangaje ko hari ibindi bimenyetso afise kuri we mw'itohoza kw'ikoreshwa rya e-mail, vyabereye intambamyi kwiyamamaza.

Ibihumbi vy'abigaragamvya ejo bakoze imyiyerekano umunsi ugira kane biyamiriza uwatowe, Donald Trump.

I New York, igipolisi cahagaritse abigaragamvya bashaka gushika mu kibanza ca Union Square.

Abandi bagiye berekeza inyubakwa ya Trump Tower, aho bwana Trump aba akanahakorera akazi kiwe gasanzwe.