Irake yatse IS umuji wa kera wa Nimrud nyuma y'imyaka 2

Umuji wa kera wa Nimrud wari umaze imyaka ibiri ufashwe na IS Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuji wa kera wa Nimrud wari umaze imyaka ibiri ufashwe na IS

Igisirikare ca Irake casubiranye umuji wa Kera wa Nimrud uri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Mosul nyuma y'imyaka ibiri ufashwe na IS.

Uwo muji wa kera, wigeze kuba umurwa mukuru w'ubwami bwa Assyria, wasambuwe wose n'abarwanyi ba ki Islam b'umugwi IS mu mwaka uheze.

Ico gikorwa cariyamirijwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rivuga ko ari icaha co mu ntambara.

Igisirikare ca Irake kivuga ko abasirikare baco basubiranye uwo muji wose hamwe n'igice cawo gishasha, co kimwe n'ikindi kigwati kiri hafi.