Akanama k'umutekano ka ONU kagendeye Beni muri Kongo

Amajana y'abanyagihugu barishwe i Beni mu myaka ibiri iheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Amajana y'abanyagihugu barishwe i Beni mu myaka ibiri iheze

Abaserukiye akanama k'umutekano k'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bagendeye akarere ka Beni mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Bagendeye aka karere kamaze igihe kabamwo ubwicanyi bw'abanyagihugu, mu gihe bariko baragerageza guhosha uruhagarara rwa politike muri Kongo.

Amajana y'abanyagihugu barishwe i Beni mu myaka ibiri iheze, amashirahamwe y'agateka ka zina muntu akavuga ko abantu baho bibagiwe.

Kuwa gatandatu akanama ka ONU kajejwe umutekano kabwiye umukuru w'igihugu Joseph Kabila ko ategerezwa kwubahiriza ibwirizwa shingira akava ku butegetsi, ikiringo ciwe ca kabiri giheze mu kwezi kuza.

Amatora yarigijwe inyuma, haraba imigumuko yabayemwo n'ubwicanyi ku murwa mukuru Kinshasa hamwe n'ahandi.