Nyamugigima ya 2 mw'izinga rya Nouvelle Zelande

Ibarabara ryasenyutse mu bumanuko bw'iryo zinga Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Ibarabara ryasenyutse mu bumanuko bw'iryo zinga

Nyamugigima igira kabiri yo ku rugero rwa Richter 6.3 cumvikanye mu bumanuko bwa Nouvelle Zelande, amasaha make inyuma y’ikindi ca nyamugigima gikomeye cahitanye abantu babiri.

Ico kinyamugigima cadutse isaha indwi n’iminota 45 inyuma y’umutaga ku birometero 10 uja mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Christ Church.

Nyamugigima gifise igipimo ca 7.5 cari cabaye muri ako karere umwanya muto inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro, gituma hagabishwa ko hashobora gutera umwuzure.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imisozi yasenyutse hamwe hamwe muri Nouvelle Zelande

Uruzi runini rwuzuye, rubomora ivyari birutangiriye, bituma haba umwuzure mu bice bimwe bimwe vy’igihugu.

Abantu begereye urwo ruzi rwa Clarence, runini muri iryo zinga ryo mu bumanuko, basabwe kwimukira mu misozi.