Umushikiranganji w'uburusiya ari mvuto azira igiturire

Umushikiranganji Alexei Ulyukayev Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Umushikiranganji Alexei Ulyukayev

Umushikiranganji w’ubutunzi bw’Uburusiya, Alexei Ulyukayev ari mw’ibohera yagirizwa ko yoba yarariye igiturire.

Ikigo c’Uburusiya kigwanya igiturire, akanama kajejwe amatohoza, kavuze ko Ulyukayev yakiriye igiturire c’imiliyoni zibiri z’amadolali ya Amerika.

Ubushikiranganji arongoye bwari bwahaye uburenganzira ishirahamwe rikomeye cane ryima ibitoro, Rosneft, kuronka umugabane w’ibice 50% mu rindi shirahamwe rya Bashneft.

Ni we mutegetsi mukuru wa mbere mu Buruya atawe mu mvuto kuva habaye igeragezwa ryo gushaka gutembagaza ubutegetsi mu 1991, mu cahoze citwa URSS.

“Kwabaye ukwaka amahera abategetsi b’ishirahamwe Rosneft harimwo no kubatera ubwoba,” nk’uko Svetlana Petrenko avugira akanama gashinzwe amatohoza (Investigative Committee, yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru rya RIA Novosti.

“Ulyukayev yafatanywe itonga igihe yariko arakira igiturire,” ni ko yavuze.

Akanama gashinzwe amatohoza kavuze ko vuba, uwo mushikiranganji agiye gushikirizwa ubutungane.

Ashobora gucibwa urubanza rwo gupfungwa imyaka iri hagati y’umunani na 15, mu gihe yokwagirwa n’icaha.

Rosneft, rigenzurwa na reta y’Uburusiya, yaguze ibice 50% vya Bashneft ku madolali imiliyaridi 5 mu kwezi kwa cumi.

Umuvugizi wa Rosneft yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Tass ko baronse iyo migabane “hakurikijwe amategeko y’Uburusiya”.

Ulyukayev yagenywe kuba umushikiranganji w’ubutunzi mu 2013, imbere y’aho yari icegera c’umukuru w’ibanki nkuru y’Uburusiya mu myaka irenga mirongo ibiri.