Nouvelle Zelande: Abantu bariko baravanwa i Kaikoura

Igisirikare ca Nouvelle Zelande cerekanye ifoto y'igikorwa kirimwo co gutabara Uwufise ububasha kw’isanamu NZDF
Image caption Igisirikare ca Nouvelle Zelande cerekanye ifoto y'igikorwa kirimwo co gutabara

Abakozi bajejwe gutaba muri Nouvelle Zelande bariko bariko barakura ingenzi n’abanyagihugu mu gisagara cabayemwo nyamugigima ikomeye.

Kajugujugu zine za gisirikare ziriko ziratwara abantu kure y’igisagara ca Kaikoura mu bumanuko bw’iryo zinga, inyuma yo kwadukamwo umuyaga mwinshi n’imvura.

Ico gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Christchurch, casigaye conyene inyuma y’isiduka ry’imisozi ryatewe na nyamugigima.

Abantu babiri barabuze ubuzima muri ca nyamugigima gifise ibipimo vya 7.5 cadutse mu bumanuko bw’iryo zinga kare cane ku musi wa mbere.

Umugwa mukuru, Wellington, mu buraruko bw’iryo zinga waranzwe n’ikirere kibi ku musi wa kabiri, harimwo imvura nyinshi n’imyuzure.

Uwufise ububasha kw’isanamu NZDF
Image caption Abantu bashika 200 baramaze kuvanwa muri ako karere

Mu kibanza kimwe kigaragara neza, inka zasigaye zihagaze ku kantu gato isi izikikije ihejeje gusiguka, bazitabaye.

Umworozi nyene izo nka, yaciye umufurege hanyuma azifasha kumanuka.

Uwo mworozi Derrick Millton yavuze:”Ziratekanye ariko zagize ingorane zikomeye… muri inka zizi ubwenge mwaguma musimbagurika , mutamba mu gihe isi iriko iranyika musi yanyu.”

Uwurongoye ingabo zigwanira mu kirere, ari na we ubu arongoye igisirikare vy’imfatakibanza, Darryn Webb, yabwiye TVNZ ko abantu boba bashika 200 bamaze kuvanwa I Kaikoura.

Hari ingenzi zoba zishika 1.200 mu kibanza barabiramwo ifi za baleine, hamwe rero n’abantu bashika 2.000.

Uwufise ububasha kw’isanamu NZDF
Image caption Ingenzi zoba zishika 1.200 ni zoba zari i Kaikoura

Ubwato bubiri hamwe n’izindi ndege biriko birafasha mu kubakurayo, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Nouvelle Zelande.

Umushikiranganji wa mbere John Key yavuze ko icihutirwa gusumba ibindi ari gushikana imfashanyo zihuta I Kaikoura.