Gambia yamenyesheje ko ivuye muri ICC

Umushikirizamanza wa ICC Fatou Bensouda ava mu gihugu ca Gambia
Image caption Umushikirizamanza wa ICC Fatou Bensouda ava mu gihugu ca Gambia

Igihugu ca Gambia catangaje ko kigiye kuba ica gatatu co ku mugabane wa Afrika kwikura mu masezerano y’I Roma yashizeho sentare ya ICC.

Uburundi na Afrika y’epfo ni vyo bihugu bimaze kumenyesha ku mugaragaro ko bivuye muri iyo sentare.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru wa Gambia, Sheriff Bojang, avuga ko iyo sentare ikoreshwa mu gucinyiza abanyafrika.

Umushikirizamanza mukuru wa ICC, Fatou Bensouda, ava mu gihugu ca Gambia.