Morsi yakuweko igihano co gupfa

Uwahoze ari prezida wa Misri Mohammed Morsi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwahoze ari prezida wa Misri Mohammed Morsi

Sentare nkuru y’igihugu ca Misri yakuye igihano co gupfa kuwahoze arongoye ico gihugu Mohammed Morsi.

Morsi yari yaciriwe igihano co gupfa kubera uruhara yagize mu gutorokesha abantu muri revolution yo muri 2011.

Yatorewe kuba prezida mu 2012, ariko aza gukurwa ku butegetsi n’igisirikare inyuma y’umwaka, bivuye ku myiyerekano yo kwiyamiriza amategeko yiwe.

Morsi yaciriwe imanza zitandukanye harimwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa iterabwoba, kandi n’ubu akaba akiriko araburanishwa ku bindi vyaha.