Prezida Kabila yavuze ko azokwubahiriza ibwirizwa shingiro

Joseph Kabila asabwa kugena umushikiranganji wa mbere avuye mu migambwe itavuga rumwe na reta nkuko amasezerano abisigura. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Joseph Kabila asabwa kugena umushikiranganji wa mbere avuye mu migambwe itavuga rumwe na reta nkuko amasezerano abisigura.

Umukuru w'igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ca Congo (RDC) yisiguye kuri uno wa kabiri ku bamwagiriza ko yoba yipfuza guhonyanga ibwirizwa shingiro aca agabisha abo batavuga rumwe ku gushaka "kwifatira igihugu nk'imbohe".

"Kuba ritarigera rihonyangwa, ibwirizwa shingiro rizokwama ryubahirizwa mu ngingo zaryo zose", uko ni ko Joseph Kabila yizeje abakenguzamateka hamwe n'abashingamateka bari bakoraniye mu nama i Kinshasa ku murwa mukuru.

Ivyo yashikirije bije kwibutsa ivyo amaze iminsi yagirizwa, biva mu bo batavuga rumwe, bipfuza ko yokinjura igice ca kabiri c'ubutegetsi ni carangira mu kwezi kwa cumi na kabiri kuza.

"Mfashe nkama amabanga mfise, sinzoreka ngo RDC igigwe imbohe n'akagwi k'abanyepolitike", uko ni ko Kabila yabandanije avuga imbere y'abakenguzamateka n'abashingamateka, barimwo Léon Kengo arongoye inama nkenguzamateka (Sénat) na Aubin Minaku arongoye inama nshingamateka "Assemblée nationale."

Joseph Kabila asabwa kugena umushikiranganji wa mbere avuye mu migambwe itavuga rumwe na reta nkuko amasezerano yateweko umukono mu kwezi kwa cumi n'impande zose abivuga, yashikirije n'ivyo yashoboye kurangura.

"Haraheze imyaka 15, RDC yari ubunywenywe, nta gihugu carimwo (...) Harabaye urugendo rurerure. Urugendo rwuzuye amahwa (...) Inzego zarashinzwe, bituma haba vyinshi bihindugwa. Intara zavuye kuri 11 zija kuri 26", uko ni ko yavyemeje.

Ku bwiwe, imbere yuko ashika ku butegetsi mu kwezi kwa mbere mu mwaka 2001, indyane zitegwa n'abantu bafise ibigwanisho hamwe n'ubutegetsi buyumbayumba ni vyo vyarangwa ku munsi ku munsi mu banyekongo.

"Mbonye igihugu ingene gitabaguritse, naciye nigira inama yo guhindura cane ibitagenda neza mu bisata vyose vy'ubuzima bw'igihugu", uko ni ko umukuru w'igihugu yashimitse avuga mw'ijambo ryaciye kuri Radio Okapi kuri Internet.

Yemeza ko ivyo yiyemeje yabiranguye nko ku bijanye n'ukwagura igisata c'ubutunzi, gusanura igisata c'ubutungane, ic'umutekano, ic'indero, n'ibindi.

"Nta mugambi numwe wotuma haduka ubwicanyi (...) Guca ku gusesa amaraso y'abanyekongo ngo umuntu ashikire ubutegetsi (...) bikwiye guhanwa", uko ni ko Kabila yakebuye.

Yabwiye abenegihugu kugwanya "ivyo vyose vyoja mu nzira yo gufata ubutegetsi biciye mu nguvu canke mu zindi nzira zose ziteye kubiri n'ibwirizwa shingiro".

Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere Augustin Matata Ponyo yarasezeye ngo yorohereze igena ry'uwumusubirira avuye mu migambwe itavuga rumwe na reta.

Yavuze ko yakinjuye kugira ngo atume hagenwa umukuru wa reta mu ndongozi zivuye mu migambwe itavuga rumwe na reta zateye umukono ku masezerano yungururiza amatora y'umukuru w'igihugu mu mwaka wa 2018, amatora yarategekanijwe imbere y'impera y'uno mwaka.

Abantu benshi barishwe mu bisagara vyinshi vya Congo, mu myiyerekano iteguwe n'igice c'imigambwe itavuga rumwe na reta yasaba ko Joseph Kabila yokinjura igice ca nyuma c'ubutegetsi bwiwe gitegekanywa n'ibwirizwa shingiro kirangiye.