Hoba hari ikibazo mu bategura iyimikwa rya Trump?

Christie (i buryo) yari yagenywe kurongora ibikorwa vyo gushikirizwa ubutegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Christie (i buryo) yari yagenywe kurongora ibikorwa vyo gushikirizwa ubutegetsi

Prezida aherutse gutorwa wa Amerika, Donald Trump yisiguye ku kungene ariko arategura ubutegetsi bwiwe, mu gihe hari inkuru zinebagura abamwegereye.

Trump yanditse kuri Twitt igikorwa co guhitamwo abazoja muri reta nshasha yiwe no mu bindi bibanza “biteguwe neza cane”.

Ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko abategetsi bakuru babiri bo mu mugwi ujejweumutekano mu gihugu muri iki kiringo Trump yitegurira gushikira ubutegetsi, birukanywe.

Umugwizatunga Trump wo mu mugambwe w’abarepublicains yatsinze mu matora y’umukuru w’igihugu Hillary Clinton, atawuvyiteze.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umukwe wa Donald Trump, Jared Kushner ni we atungwa agatoke mw'iyirukanwa rya Christie na Rogers

Yaramaze kugena umukuru w’intara ya New Jersey Chris Christie n’icegera ciwe Mike Pence kurongora ibikorwa vyo gushikirizwa ubutegetsi.

Inkuru ziva mu bimenyeshamakuru zivuga ko umukwe wa Trump akaba n’umuhanuzi wiwe, Jared Kushner, ari mubashirwa mu majwi.

Christie yahoze ari umushikirizamanza mukuru wa republika mu ntara ya New Jersey igihe se wa Kushner yavibwa urubanza agapfungwa yagirizwa kwiba amahera ya reta no gutoza amahera atazwi.

Uwahoze ari umukenguzamateka n’umumukuru w’akanama kajejwe iperereza, Mike Rogers, yararongoye ibikorwa vy’umutekano mu kiringo Trump atarashikira ubutegetsi, yamenyesheje ku wa kabiri ko akuye meza.

Rogers hamwe n’uwundi na we nyene yari mu kanama kajejwe umutekano, Matthew Freedman, birukanywe, nk’uko bivugwa na New York Times.

Bose vyibazwa ko bari begereye cane Christie.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Ariko Trump ariko arasukamwo mabisi.

”Igikorwa kiriko kigenda neza mu gihe ndiko ndiyumvira aboja muri reta hamwe no mu bindi bibanza,” ni ko yanditse kuri twitt.

”Ni jewe jenyene nzi uwuzojamwo!”