Macron azitoza mu kibanza ca prezida mu Bufaransa

Macron yatanguje umuhari wiwe mu kwezi kwa kane Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Macron yatanguje umuhari wiwe mu kwezi kwa kane

Emmanuel Macron yiyemeje kuzana impinduka muri demokrasi mu kumenyesha ko azitoreza kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

Uwo munyepolitike avuga ko politike y’Ubufaransa itagira iyija n’iyo iva, akaba ashaka “kubohora inguvu z’abashoboye gukora mu gukingira abatagira integer”.

Uwo yahoze ari umushikiranganji w’ubutunzi wa Francois Hollande azitoza nk’uwigenga.

Iyo ngingo yatesheje umutwe abahanganye mu matora y’ibanze mu mugambwe w’abarepublicains azoba ku musi w’Imana.

Uwuvugwa ko aza imbere mubariko baritoza, Alain Juppe yagirije Macron kugambanira prezida Hollande, avuga “yamusogose inkota mu rubavu”.

Uwo yahoze ari umushikiranganji w’ubutunzi, yigeze kuba ari somambike wa prezida, yavuye muri reta y’aba socialiste mu kwezi kw’umunani kubera ukutumvikana ku migambi yiwe ya politike.

Prezida Hollande ntaravuga ko azitoza, akazofata iyo ngingo mu ndwi ziri imbere.

Ahabwa amahigwe make gusumba abandi bakuru b’ibihugu batwaye Ubufaransa inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose.

Macron, atarigera yitoza mu kibanza ca politike na rimwe, yakuye amazinda abahora bibaza ibi na biriya mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yatangiye mu micungararo ya Paris.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Emmanuel Macron yigeze kuba ri somambike wa prezida Francois Hollande(i buryo)

Ntazitoza ku ruhande rw’abasocialiste, ahubwo azitoza nk’umukuru w’umuhari yashinze mu kwezi kwa kane, En Marche.

Yashinze umuhari wa En Marche mu kwezi kwa kane ashaka guteza imbere “ivyiyumviro bishasha…vyaba ari vyo aba republicains canke abasocialistes”.

Ubu uwo muhari urimwo abantu bababa 97.000, ukaba umaze kuronka n’amahera agera ku ma Euro imiliyoni 2.7 atanzwe n’abanywanyi.