Shinzo Abe ni we mutegetsi wa mbere wo hanze ahuye na Trump

Nta nsiguro ziratangwa kuri uwo mubonano Uwufise ububasha kw’isanamu XINHUA/AP
Image caption Nta nsiguro ziratangwa kuri uwo mubonano

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani ni we mutegetsi wa mbere w’ikindi gihugu azobonana na Donald Trump kuva atowe mu ndwi iheze.

Shinzo Abe yavuze ko ashaka “kwubaka ukwizerana” no “gukorera hamwe mw’iterambere n’amahoro kw’isi”, imbere y’uko aja muri urwo rugendo.

Iyo nama ibaye mu gihe hari amakenga kuri politike y’imigenderanire bagiriranira n’Ubuyapani basanzwe bafitaniye imigenderanire ikomeye.

Trump yavuze ko Ubuyapani butegerezwa kuriha amahera menshi kugira ingabo za Amerika zigume muri ico gihugu.

Yaranebaguye kandi amasezerano prezida Obama bagiriraniye n’Ubuyapani hamwe n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Pacifique.

Amerika n’Ubuyapani bifitaniye imigenderanire ikomeye cane kuva harangiye intambara ya kabiri y’isi yose, aho Amerika yafashije Ubuyapani gusubiza itoto ubutunzi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Trump si we mukandida abayapani bipfuza ariko imyiyamamazo yiwe bayikurikiranye ari benshi

Abe yahagaze i New York ari mu nzira aja mu nama y’ubudandaji ihuza ibihugu vya Asia na Pacifique ibera i Perou.

Ariko ibiri ku rutonde rw’iyo nama yo ku wa kane ntibizwi, kuko n’abategetsi b’Ubuyapani ntibaravuga n’aho ibera.

“Hari vyinshi bidasobanutse! Ni ko umutegetsi umwe w’Ubuyapani yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.