Abakuru b'abagwanyi batatu biciwe i Idlib

Ibitero vy'indege vyahitanye abantu 23 mu bitaro vy'i Idlib mu kwezi kwa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibitero vy'indege vyahitanye abantu 23 mu bitaro vy'i Idlib mu kwezi kwa gatanu

Ibitero vy’indege vy’Uburusiya vyahitanye benshi mu bagwanyi bafitaniye ubucuti n’umuhari wa Al-Qaeda.

Abagwanyi barenga mirongo itatu bahasize ubuzima.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya yavuze ko abategetsi batatu babarongoye bari mu biciwe mu bitero vy’indege vyabereye mu ntara ya Idlib.

Uburusiya bwasubiriye kugira ivyo bitero ku musi wa kabiri, hakoreshejwe indege ziguruka ziva ku bwato buherutse kurungikwa mu kiyaga Mediterranee.

Ku musi ugira gatatu bikurikiranya, indege z’intambara za Syria ziriko ziragira ibitero mu turere turi mu minwe y’abagwanyi, mu buseruko bw’igisagara ca Alep.