Centre Afrique yemerewe imiriyaridi zibiri z'amadolari

Intambara muri Centre Afrique ahanini yafatiye ku madini Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Intambara muri Centre Afrique ahanini yafatiye ku madini

Abagiraneza mpuzamakungu bari mu nama mu Bubirigi bemereye igihugu ca Centre Afrique amahera imiriyaridi 2 z'amadolari yo kugifasha.

Ico gihugu kiriko kiragerageza kwikura mu bibazo kimazemwo imyaka itatu, vyatanguye abarwanyi b'Abaislam bakuye umukuru w'igihugu ku butegetsi ku nguvu.

Imirwano ahanini yafatiye ku madini hamwe n'uturere abantu batuyemwo.

Umukuru w'igihugu mushasha, Faustin-Archange Touadera yatowe mu kwezi kwa kabiri, mu twigoro two kugerageza gutorera umuti ikibazo.

Ariko ico gihugu kiracarimwo uruhagarara, kandi leta ntigenzura igihugu cose.