Urubanza: Umugabo afise Sida yaryamanye n'abantu 104

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Urubanza rw'umugabo yafatiwe mu gihugu ca Malawi akurikiranwa ku kuba yagize imibonano mpuzabitsina n'abakobwa bakiri bato ngo ashaka "kwihanagura iceyi" ngo rwimirije kurangira muri ino ndwi. Ariko hari abanya Malawi babaza igituma umuntu umwe gusa yoba ariwe aburanishwa mu gihe ivyo yakoze bigigwa n'imiryango yose.

Eric Aniva yafashwe mu kwezi kw'indwi bitegetswe n'umukuru w'igihugu, ahejeje kwiyemerera ko yakoranye imibonano mpuzabitsina n'umwana w'umukobwa w'imyaka 12 atikingiye -ntiyigera amubwira ko yanduye umugera VIH.

Aniva avuga ko yari yakoteshejwe n'abakobwa b'incuti z'uwo mwana ngo bakore ku mugaragaro umubonano mpuzabitsina bo bemera ko "woza umukobwa umwanda aba yarigeze kugira akiri muto" imbere yuko yinjira mu murwi w'abantu bakuze.

Twemera ko iyo umugabo canke umugore w'umupfakazi atisukuje biciye mu mibonano mpuzabitsina, ko ata mahirwe umuryango ugira, kuko nk'urupfu canke indwara bishobora kwaduka kuri bamwe canke bose mu muryango, uko ni ko umukozi wo mu gisata c'imibano w'ahitwa Nsanje yavuze.

Igihe prezida wa Malawi Peter Mutharika yategeka ko afatwa, we yashaka ko Aniva akurikiranwa ku kuba yaryamanye n'abakobwa bakiri bato, ariko nta numwe yaje kumwagiriza.

Muri kino gihe Aniva akurikiranwa ku kuba "yaranguye umuco ubabaza" bitegekanywa n'igisata ca gatanu c'itegeko rijanye n'inganisha ry'ibitsina "Malawi's Gender Equality Act", mu kindi caha gishasha kimukurikirana ku kuryamana n'abagore baheruka gupfakara.

Abagore babiri bishikiye muri sentare kwagiriza Aniva, ariko umwe akaba yavuze ko baryamanye imbere yuko amategeko atangura kubibuza, uwundi avuga ko yashoboye kwiruka imbere yuko bakora ayo mabanga.

"Umuco wuko uwapfakaye yisukuza urubahirizwa cane muri twebwe", uko ni ko umukozi wo mu gisata c'imibano i Nsanje mu bumanuko bushira uburengero aho Aniva aba yavuze.

"Twemera ko igihe umugabo canke umugore yapfakaye hanyuma ntiyisukure mu kugira imibonano mpuzabitsina, ico gihe nta mahirwe abaho, urupfu canke indwara y'igiturumbuka bica vyaduka kuri bamwe canke bose mu bagize umuryango. Dukora bino kubera abasokuruza bacu", niko yongeye avuga. Yasavye kw'izina ryiwe ritotangazwa bitewe nuko ata mukozi wa reta arekuriwe kuvugana n'itangazamakuru atahawe uruhusha.

Haraheze imyaka mike, uwo mugenzo wari ukaze mu ntara, umupfakazi agasabwa kugira imibonano mpuzabitsina n'umugabo gatatu mw'ijoro kuva ku masaha atatu kugeza kuri ane. Kenshi uwo mugabo yaba ari uwo bavukana n'uwapfuye, ariko mu bindi bihe yashobora kuba uwuvuye hanze atari mu muryango, nka Aniva, yakoteshejwe ngo akore ico gikorwa.

Iyo uwabuze yari kuba ari umugabo, umugore ni we yari gufatwa yagirizwa ko yaryamanye na we.

Icateye ubwoba abanye Malawi ku bijanye na Aniva, nuko yemeye mu kiganiro yahaye BBC ko amaze gukorana imibonano mpuzabitsina n'abagore hamwe n'abakobwa 104, kandi ko atigeze ahagarika n'igihe yamenya ko agwaye afise umugera HIV.

"HIV irica. Bishoboka gute ng'umuntu ameze uko, akore ivyo yakoze? Nibaza ko uyu mugabo ari ishetani. Ni igisambo kandi arikunda. Iyaba nashobora kumukatira, namuha igihano c'ugupfa canke gupfungwa ubuzima bwose", uko ni ko pastori Paul Mzimu yavuze ari hanze y'ibitaro "Queen Elizabeth Central Hospital" i Blantyre aho HIV mu vyumba bimwe bimwe ishika ku 70%

What horrifies Malawians about Aniva, who claimed in his BBC interview to have had sex with 104 women and girls, is that he did not stop his sexual practices after finding out he was HIV-positive.

"HIV is a killer. How can someone with this status, do what he did? I think this man is the devil. Greedy and selfish. If I could judge him, I would give him a murder sentence and life imprisonment," a pastor, Paul Mzimu, said outside Queen Elizabeth Central Hospital in Blantyre, where HIV rates on some wards reach 70%.