Umukuru w'iperereza rya Amerika yatanze imihoho

James Clapper Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption James Clapper

Umukuru w’iperereza muri Amerika, James Clapper yashikirije ikete ryo gutanga imihoho, nk’uko yabishikirije umugwi w’abashingamateka ku wa kane.

Yabwiye akanama kajejwe igendereza ko “yumva ameze neza cane”.

Uwo mugabo za kw’isonga mw’iperereza rya Amerika w’imyaka 75, vyari vyitezwe ko atanga imihoho, mu gihe umukuru w’igihgu yatowe, Donald Trump ariko aragena mu mabanga abo yipfuza gukorana na bo.

Abaraba ibintu n’ibindi bemeza ko ari ikimenyetso ahaye ubutegetsi bwa Trump ko bategerezwa kwihutiswa ikiringo mfatakibanza.