Ubwoba bw'ibihugu vya Otan imbere y'irahizwa rya Trump

Ku mugwa mukuru wa Vilnius, hari igicapo kinini cerekana Trump na Putin bariko baragwana mu nda.
Image caption Ku mugwa mukuru wa Vilnius, hari igicapo kinini cerekana Trump na Putin bariko baragwana mu nda.

Igihugu ca Lithuania kivuga ko prezida w’Uburusiya Vladimir Putin ashobora kudurumbanya ibihugu biri muri Otan imbere y’uko Donald Trump ashikira ubutegetsi.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Lithuania, Linas Linkevicius yavuze ko afise “amakenga menshi” ku bihugu vya Baltique, hamwe n’igisagara ca Alep muri Syria.

Ikiringo c’imbere y’uko Donald Trump ashikirizwa ubutegetsi kiraraje ishinga cane ibihugu vya Baltique.

Igihugu ca Lithuania kivuga ko amayeri y’Uburusiya ategwa n’impamvu z’aho ico gihugu giherereye co kimwe na kahise.

Lithuania ni kimwe mu bihugu vyari bigize ubumwe bw’abasoviete, ariko ubu kiri mw’ishirahamwe ryo kugwaniriza umwansi hamwe, Otan hamwe no mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Ku mugwa mukuru wa Vilnius, hari igicapo kinini cerekana Trump na Putin bariko baragwana mu nda.

Image caption Umukuru w'igisirikare ca Lithuania major Linas Idzelis yavuze ko n'aho hatimirije intambara ariko ubwoba bugenda bwiyongera

Reta ya Lithuania mu bisanzwe ntikunze kwerekana aho ihagaze ariko muri iki gihe yagaragaje ko ubucuti bwa Trump na Putin bushobora kugeramira ibihugu bisanzwe bihanze amaso Amerika.

Hari amakenga ko Amerika ishaka gufata Uburusiya nk’igihugu kigenzi, gutyo bikazoba bigoye ku bihugu vyo mu buseruko bwa Buraya, vyama bigeramiwe n’Uburusiya, kigira ico bivuze.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Lithuania, Linas Linkevicius yabwiye BBC: “Uburusiya si igihugu gikomeye, ni ingorane ikomeye.”

Uburusiya buvuga bushimitse ko budateye ubwoba, ahubwo bunebaguta Otan mu kwongereza amatati mu kwegera cane mu buseruka no kuzana ibigwanisho hagufi y’urubibe n’Uburusiya.

Linkevicius yavuze ko hari amakenga ko Putin ashobora gukoresha uyu mwanya usigaye kugira Trump ashikire ubutegetsi mu kugerageza kwitegura mu gisirikare hamwe no kugerageza Otan.

“Ubutegetsi bushasha buzotangura akazi mu gice ca kabiri c’ukwezi kwa mbere,” I ko yavuze.

“Ndafise ubwoba cane ku vyereyekeye iki kiringo, si ku burere bwegereye gusa Uburusiya, ni no ku gisagara ca Alep, twizere ko bazoba bataricwa gishiki iki kiringo kirangire.”

Image caption Linkevicius afise ubwoba ku gisagara ca Alep muri Syrian

Lithuania ivuga ko Uburusuya bumaze imisi bugira imyiteguro mw’ikambi ya gisirikare nini cane iri I Kaliningrad.

Haheze imyaka 25 gusa kuva Uburusiya butegetse kurungika ibimodoka bitamenwa kwica abari mu myiyerekano mu gisagara ca Vilnius muri Lithuania basaba ukwikukira.