Mozambique: 73 bapfuye bazize igikono c'igitoro cahiye

Ikarata ya Mozambique
Image caption Ikarata ya Mozambique

Abantu boba bashika 73 bapfuye abandi 110 barakomereka igihe igikono c’igitoro caturika mu burengero bw’igihugu ca Mozambique, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Uko vyagenze ngo giturike ku musi wa kane inyuma y’umutaga mu kigwati ca Caphiridzange mu ntara ya Tete, hagufi y’urubibe ico gihugu gihana na Malawi, ntibiramenyekana.

Zimwe mu nkuru zivuga ko umudereva w’iyo modoka yariko aragurisha igitoro ku bantu bo muri ico igwati, abandi bakavuga ko yari yatezwe umutego.

Uko guturiko ko koba kwatewe n’inkuba yakubise canke umuriro wari uhegereye, nk’uko inkuru zibandanya zibivuga.

Ibiziga vy’abantu birenga mirongo ibiri birambaraye mu kibanza cabereyemwo iyo mpanuka.

Bamwe mu bahiye cane bagerageje kwirukira mu ruzi ruhegereye, nk’uko bivugwa na Radio Mozambique.

Igiciro c'igitoro caraduze

Iyindi nkuru ivuga ko imodoka yagize impanuka ku musi wa gatatu ku mugoroa hanyuma abantu batangura kuvoma igitoro, ari na ho yasha ku musi wa kane.

Reta yavuze ko “ibabajwe n’abapfuye…kandi ko iriko irafasha mu bikenewe vyose kugira irokore ubuzima inahoze n’imiryango yabuze”.

Abashikiranganji batatu bitezwe muri ako karere ku musi wa gatanu kugira bafashe mu gikorwa co gutabara no kugira amatohoza.

Mu misi iheze, reta ya Mozambique yaradugije igiciro c’igitoro kubera ita ry’agaciro k’ifaranga ry’ico gihugu ugereranije n’idolali.

Mozambique ni kimwe mu bihugu bikenye kw’isi, aho igice c’imiliyoni 24 z’abantu baba muri ico gihugu bari mu bukene.

Ico gihugu caronse intahe yo kwikukira mu 1975, cigobotoye mu nzara za Portugal, ariko n’ubu kiracarangwa n’ingaruka y’imyaka 16 y’intambara yarangiye mu 1992.