Abahinde bemereye amafyigo umushikiranganji Swaraj

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Swaraj yanditse kuri twitt ko ariko aravurwa

Abantu benshi mu Buhinde bemeye guha amafyigo umushikiranganji w’imigenderanire Sushma Swaraj, inyuma yo kwandika kuri Twitter ariko arapimwa kugira bamushiremwo ayandi.

Uwo mushikiranganji w’imyaka 64 agwaye igisukari igihe kirekire kandi yari yagiye mu bitaro vya Delhi mu ntango z’uku kwezi.

Swaraj n’umwe mu bashikiranganji bakomeye muri reta y’umushikiranganji wa mbere Narendra Modi.

Ku musi wa kabiri, yanditse kuri twitt ko arimwo ivyuma inyuma y’aho amafyigo yiwe yankiye gukora.

Birashoboka gutanga ifyigo ukiriho kubera umuntu akenera ifyigo rimwe gusa kugira abeho, ibidashoboka ku bindi bihimba vy’umubiri.

Imbuga ngurukanabumenyi zasamiye hejuru iyo nkuru, bandika ko bashobora guha amafyigo yabo umupfasoni Swaraj, mbere bamwe bamwe baranatanga inimero zabo za telefone.

Uwufise ububasha kw’isanamu @NIKHILDADHICH
Uwufise ububasha kw’isanamu @SSHYAM

BBC yavuganye na Khermraj Sharma, umuhinga w’imyaka 24 ava i Jammu, yari yasize nimero ziwe igehe yemera gutanga ifyigo ryiwe.

“Ndakomeye neza, ndashobora rero guha ifyigo ryanje Sushmaji,” ni ko yavuze.

“Yakoreye ibintu vyinshi abahinde baheze mu bindi bihugu kandi ni we mushikirangani wa mbere ajejwe imigenderanire yakoreye vyinshi abahinde baba hanze. Ubushikiranganji bwiwe burakora no ku misi y’Imana. Ni yo mpamvu nagize ibi.”

Sharma yongeyeko ko ashigikiye umugambwe uri ku butegetsi wa BJP umupfasoni Swaraj arimwo, ariko ko atari umunywanyi wawo.

Swaraj ntarishura abamwemereye ayo mafyigo umwu umwe ukwiwe, ariko yashimiye “abagenzi” biyemeje kuyamuha.

Yanditse kuri twitt: “Nta majambo numva mfise nokoresha mu kubashimira.”

Uwo mushikiranganji w’imigenderanire azwi cane ko yihuta kwitaba akamo ko gufasha abahinde baba canke baja mu bindi bihugu.

Mu ntango z’uku kwezi, yarafashije umupfasoni umwe kuronka uburenganzira (visa) kugira aje kugira ubugeni mu Buhinde.