Jeff Session yagenywe kuba umushikirizamanza wa Amerika

Umukenguzamateka Jeff Sessions mu nyubakwa ya Trump Tower Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umukenguzamateka Jeff Sessions mu nyubakwa ya Trump Tower

Donald Trump yasavye umukenguzamateka w’intara ya Alabama, Jeff Session, kuba umushikirizamanza mukuru wa republika, nk’uko vyandikwa n’ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika.

Umukenguzamateka Sessions, umukenguzamateka yatorewe kuja mu nama nshingamateka mu 1996, yagumye ari incuti magara ya Trump mu gihe c’imyiyamamazo.

Hagati aho, Lt Gen Michael Flynn ari mu karuhuko k’iza bukuru yoba yemeye kuba umuhanuzi muvyo umutekano mu gihugu.

Bose ko ari babiri barigeze gushikiriza amajambo yateye impari nyinshi.

Ariko Trump ntaremeza iryo genwa ubwiwe.

Abategetsi bajejwe gutegura iyimikwa rya Trump, mw’ibanga rikomeye basavye ko batamenyekana, bavuze ko Sessions na Flynn bahawe amabanga mu butegetsi bushasha.

Ariko umuvugizi w’akana k’igihugu mu mugambwe w’aba republicains, Sean Spicer, yari mu bategetsi bo muri iki kiringo c’imfatakibanza, ashobora kutavyemeza kuri CNN.

“Gushika Donald Trump avyivugire, ntibiremezwa,” nk’uko bivugwa na Spicer.