Ikiziga c'umwigeme yizeye 'kuzosubira kuba muzima' cabitswe

Ingene ibiziga bishobora kuzoba bibitswe mu misi iri imbere Uwufise ububasha kw’isanamu SCIENCE PHOTO LIBRARY
Image caption Ingene ibiziga bishobora kuzoba bibitswe mu misi iri imbere

Umukobwa yasavye ko umubiri wiwe ubikwa yizeye ko ashobora kuzosubira kuba muzima umusi umwe, yarose intsinzi itari bwaboneke kw’isi amasaha make inyuma yo gupfa.

Uwo mwigeme yipfuje ko umubiri wiwe wobikwa muri frigo idasanzwe inyuma yo gupfa yizeye ko ashobora gusubira kuronka ubuzima, mbere bishobotse akizwe mu nyuma.

Nyina wiwe yaramushigikiye ariko se wiwe yari yavyamiriye kure.

Uwo mwigeme w’imyaka 14 yari agwaye cancer.

Umucamanza muri sentare yo mu Bwongereza yafashe ingingo ko nyina wiwe ari we afise ijambo rya nyuma ku vyerekeye ikiziga c’uwo mwigeme.

Ikiziga c’uwo mwigeme yitavye Imana mu kwezi kw’icumi, ubu wajanywe n’indege mu gihugu ca Amerika kubikwa.

Uwo mwigeme yaba I Londres kandi yarakoresheje cane imbuga za internet mu gusoma ivyerekeye ubuhinga bwo kubika ibiziga bwa cryonics mu misi ya nyuma y’ubuzima bwiwe.

Umwizero wo mu misi iri imbere

Cryonics ni ubuhinga bukoreshwa mu kubika ibiziga bikanye cane hizewe ko hari igihe umuntu ashobora kuba muzima canke kuronka umuti mu misi iri imbere.

Uwo mwigeme yarandikiye umucamanza amubwira ko yipfuza ”kubaho umwanya muremure” kandi ko ”adashaka guhambwa mu kuzimu”.

Yanditse: ”Nibaza ko bambitse hakoreshejwe ubuhinga bwa cryonic noronka akaryo ko kuvurwa no gusubira kuba muzima – n’aho vyofata imyaka ijana.”

Umucamanza Peter Jackson yaragiye kuraba uwo mwigeme mu biitaro, akavuga ko yabonye ingene uwo mwana yahanganye n’ingwara yari afise mu bwitonzi nta ngere.

Uwufise ububasha kw’isanamu SCIENCE PHOTO LIBRARY

Yavuze ko ingingo yafashe ntiyari ishimikiye ko ari nziza canke ko ubuhinga bwa cyronics atari bwiza canke amatati hagati y’abavyeyi yerekeye aho ico ikiziga ciwe kizokozwa.

Gukanyisha ikiziga

Cryonic ni ikintu camye guteye amakenga menshi kandi nta n’umwe azi ko ubwo buhinga bushobora gusubiza muzima umuntu.

Hari ibikoresho muri Amerika no mu Burusiya, aho ibiziga bishobora kubikwa muri Nitrogene mu mbeho nyinshi (musi ya -130) – ariko ubwo buhinga ntabuhari mu Bwongereza.

Gukanyisha ikiziga mu gihe kirekire kitazwi bisaba amahera yoba angana amahera y’ama Euro 37.000.

Ikete uwo mwigeme yandikiye umucamanza

“Nasabwe gusigura impamvu nipfuza ko iki kintu kidasanzwe gikotrwa.

“Mfise imyaka 14 gusa kandi nsinshaka gupfa ariko kandi nzopfa.

“Nibaza ko kubikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa cyronic bizompa akaryo ko kuvurwa no gusubira kuba muzima – n’aho hoba inyuma y’imyaka ijana iri imbere.

“Sinshaka guhambwa mu kuzimu.

“Nshaka kubaho kandi mbeho igihe kirekire kandi nibaza ko mu misi iri imbere hashobora kuboneka imiti ya cancer ngwaye, ngasubira kuba muzima.

“Nshaka ko ndonka ako karyo.

”Ivyo ni vyo vyipfuzo vyanje.

Abavyeyi b’uwo mwigeme bari baravanye kandi uwo mwigeme yari amaze imyaka itandatu atabonanye na se wiwe imbere y’uko atangura kugwara.

Nyina wiwe yarashigikiye ivyo asaba ko umubiri wiwe wobikwa ukanyishijwe ariko se wiwe yaravyanse.

Se wiwe yavuze: ”N’aho vyoshika agasubira kuba muzima akavugwa, tuvuge mu myaka nka 200 iri imbere, bishoboka ko atazosanga umuntu n’umwe wo mu muryango, kandi ko ashobora kuba atazoba yibuka ibintu vyinshi. Aboba ababaye cane, ufatiye ko ubu afise imyaka 14 kandi azoba ari muri Amerika.”

N’aho mu nyuma yahinduye aho ahagaze, avuga ko ashigikiye ingingo yafashwe n’umukobwa wiwe, yaripfuje kubona ikiziga c’umukobwa wiwe amaze kwitaba Imana, ikintu umukobwa wiwe yari yanse.

Umucamanza yavuze ko ivyo uwo mwigeme yasavye bitari bwigere bibaho mu Bwongereza, mu gihugu ca Pays de Galles eka mbere nkeka n’ahandi hose.

Gukenerwa mu butungane

Umucamanza Jackson yavuze ko urwo rubanza ari rumwe ngorane nshasha zigenda ziterwa n’aubuhinga ku bacamanza.

Uwo mwigeme yapfuye mu kwezi kwa cumi azi ko ikiziga ciwe ushobora kuzokanyishwa, ariko uwo mucamanza yavuze ko habaye ingorane umusi yitaba Imana.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Urwo ruganza rwaciwe na sentare nkuru yo mu gisagara ca Londres

Abakozi bo mu bitaro n’ababarongoye baribajije ibibazo ku kungene ikiziga ciwe cotegurwa kugira kize kibikwe.

Ivyo vyakozwe n’umugwi w’abantu bitanze ku bushake mu Bwongereza, imbere y’uko ico kiziga kijanwa muri Amerika.

Yavuze ko abashikiranganji bakwiye kwiyumvira uburyo n’amategeko agenga ukubikwa kw’ikiziga hakoreshejwe ubuhinga bwa cyronic mu isi iri imbere.