Ubufaransa: Sarkozy yavuye mw'ihiganwa

Nicholas sarkozy Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nicholas Sarkozy yigeze kuyobora Ubufaransa

Francois Fillon yakuye mw'ihiganwa aba kandida bari kumwe mu kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu, Alain Juppe na Nicolas sarkozy.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Francois Fillon, yemereye Abafaransa kuzohangana n'akamanyere k'abanyabiro ko gutevya gushira mu bikorwa imigambi, hamwe yoramuka atsinze.

Ntivyari vyitezwe ko ariwe aja imbere y'abandi mu mugambwe w'aba 'Republicains', ariko yarushije cane abo bahiganwa, Alain Jupee na Nicolas Sarkozy.

Bwana Juppe ari nawe yamukwirikiye, yiyemeje gukomeza guhatana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Francois Fillon Yiyemeje kuzozana amahinduka mu budandaji

Francois Fillon yashize imbere kuzozana amahinduka mu bijanye n'ubudandaji aramutse atsinze amatora.

Umugambwe w'aba 'Republicains' uhabwa mahirwe menshi ugereranije n'uko vyifashe mu yindi migambwe, muri aya matora yo mu mwaka uza wa 2017.

Aba 'Socialistes' basa n'abari inyuma, nayo umu kandida wa 'Front National' Marine Le Pen, ahabwa amahigwe make uravye ibiharuro vy'igendereza.

Nicolas Sarkozy niwe yaje ku mwanya wa nyuma mu ba kandida batatu bahiganwa ku ruhande rw'aba 'Republicains' mu matora y'ibanze.