Igisasu cahitanye 27 muri Afghanistani

Iwateze igisasu yioturikirije mw'ishengero ry'abantu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwiturikije n'igisasu yaje ku maguru aho yinjira mu musigiti i Kabul

Umusigiti wa Baqir ul Olum uri mu muji wa Kabul muri Afghanistani waturikiyermwo igisasu cahitanye abarenga 27, aho umuntu yahagiye ku maguru yiturikirije mu kigwi c'abantu hagati mu musigiti.

Abategetsi bamenyesha ko ata mugwi canke umuntu n'umwe arimenyekanisha ko woba wagavye ico gitero.

Afghanistani yari isa n'iyikinze urugero runini rw'ibitero bifatiye ku macakubiri nk'ivyiziziye ibihugu vya Pakistani na Iraq.

Ariko abo mu bwoko bw'aba Shia, bagize ibice 15% vy'abanyagihugu ba Afghanistani, baramaze gutegwa incuro kenshi muri aya mezi aheze.

Abagera kuri 14 baguye ku cibutso co mu muji wa Kabul mu kwezi guheze.

Naho mukwezi kw'indwi, igitero umugwi wa Islamic State wiyitiriye cahitanye abantu 80 bari mu rugendo rw'imyiyerekano rwari rwateguwe n'aba Shia mu muji wa Kabul.